Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu benshi baje gusezera Muhammad Ali
Abantu ibihumbi n'ibihumbi baritezwe kuza gusezera umunonotsi rurangiranwa Muhammad Ali ku muhana iwe mu gisagara ca Louisville mu ntara ya Kentucky.
Uwo munonotsi wa mbere muri urwo rukino mu bafise ibiro vyinshi, yitavye imana mu ndwi iheze afise imyaka 74.
Isinzi ry'abantu baraza guherekeza ikiziga ciwe bagicishe mu bibanza bihambaye vyaranze ubuzima bwiwe imbere yo kumusabira.
Muhammad Ali yunamiwe nk'umuntu yemewe n'abantu bose kw'isi mu kinjana giheze, abaza gufata amajambo bakaza gushimagiza instinzi ziwe co kimwe n'igikorwa co kwanka akarenganyo.
Vyotezwe ko uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Amerika, Bill Clinton ari we aza gushikiriza ijambo nyamukuru.