Batatu bahitanywe na grenade mu Burundi

Yatangajwe
Abantu batatu bitavye Imana bahitanywe na grenade mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi, ahavuka umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.
Ivyo vyabereye ku gituro c'amakinga yunguruza abantu kiri iruhande y'ishure ritoyi rya Ngozi 4.
Umwe mu bitavye Imana ni umusirikare yari afise grenade zibiri, imwe ikaba ari yo yaturitse.
Ntibiramenyekana ko coba ari igitero c'ubwiyahuzi canke impanuka kuko uwo musirikare yoba yariko araja ku kazi, kandi hari abamwumvise akoma induru imbere y'uko iyo grenade iturika.
Hari iyindi grenade yari yaturitse ejo ku wa mbere muri zone kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura.
Ibitero vya grenade vyaravuzwe cane muri aya mezi, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura ariko ntivyari bwashike i Ngozi.




