Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama yo kuba Cholera izoba yatujijwe gushika mu 2030 iriko ibera mu Bufaransa
Abategetsi muvyo amagara y'abantu bo kw'isi yose barahurira mu Bufaransa kwiga inzira yo guhagarika impfu ziterwa na Cholera zishika ku bice 90%, gushika mu 2030.
Iyo ngwara ikwiragira iciye mu mazi mabi ihitana abantu bababa 100.000 buri mwaka.
Ni ubwa mbere amareta, amashirahamwe y'amagara y'abantu hamwe n'ayatanga imfashanyo bemeye ibintu nk'ivyo.
Iyi nama ibaye mu gihe igihugu ca Yemen kigihanganye n'iyo ngwara y'icaduka yagiteye bimwe bitari bwigere bibaho muri kahise k'ico gihugu.
Ingwara ya Cholera mu kinjana ca 21 ivugwa ko "ari ibiterasoni kw'isi"
Iyo ngwara yaratujijwe burundu mu Bwongereza no muri Amerika haraciye imyaka 100, ariko ibandanya guhitana abantu mu bindi bihugu vyinshi bikiri mu nzira y'amajambere.
Ni bizimvye kuvura iyo ngwara kandi urashobora kuyirinda mu gihe abantu boronka amazi n'utuzu twa surwumwe twiza.
Ico iyo nama y'uyu musi ishaka gushikako witaho uturere dusinzikajwe na Cholera ku mugabane wa Afrika hamwe na Asia, aho iyo ngwara yama yadutse kenshi.
Abo bategetsi kandi biyemeje gutuza ingwara zibangamira abantu benshi ziturutse ku ntambara canke canke ibindi bintu bijanye n'imico n'imigenzo.