Sentare ya Kenya yihweza urubanza rwiyamiriza intsinzi ya Kenyatta

Kuva uno munsi Sentare Ntahinyuzwa ya Kenya, yatanguye kwumviriza imanza ziyamiriza intsinzi ya Prezida Uhuru Kenyatta mu matora ya kabiri yo ku wa 26 Ukwezi kw'icumi.
Iyo sentare yumviriza n'urundi rubanza ruregwamwo ubuyobozi bw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ihurikiye mu runani Nasa, rubusaba kwemanga ubugizi bwa nabi bwabaye igihe c'amatora.
Bubaye ubwa kabiri mu kiringo c'amezi atatu Sentare Ntahinyuzwa isabwa kuja hagati ngo hamenyekane vyukuri uwatsinze amatora.
Rimwe mu mashirahamwe ategamiye ubutegetsi risaba ko kizigenza wa Nasa Raila Odinga yegekwako ivyaha vyakozwe biturutse ku kubuza abayoboke biwe kwitaba amatora, hamwe no kwemeza ko adakwiye kurongora igihugu mu kuba yatumye haduka akajagari.
Abashingishije imanza zisaba ko intsinzi ya Bwana Kenyatta yohanagugwa, basigura kw'akanama kajejwe amatora katahamagaje amatora ya kabiri mu buryo butegekanywa n'ibwirizwa shingiro hamwe n'amategeko bijanye.
Ako kanama ngo ntikatangarije gushasha abo bose bipfuza kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu, kurivyo ayo matora ya kabiri ngwakaba ata gaciro yohabwa.
Ku bijanye n'ico kibazo, Prezida Uhuru Kenyatta n'akanama kajejwe amatora IEBC basiguye ko bitari bikenewe guhamagaza gushasha amatora ngo mu gihe sentare yari yagize impfagusa ivyavuye mu matora gisa.
Iyo sentare itanguye kwumviriza izo manza uno munsi, ifise iminsi indwi yo kuzicarira munyuma ifate icemezo.

Mu ntango y'ukwezi kw'icenda, niho iyo sentare yafata ingingo yo kugira impfagusa ivyari vyavuye mu matora yo kw'itariki 8 ukwezi kw'umunani kubera ibitakozwe neza n'amakosa yabaye, buba bubaye ubwa mbere umukuru w'igihugu asanzwe ari ku butegetsi, yambuwe intsinzi yahawe n'abanyagihugu.








