Nta kintu ciza Mugabe azibukirwako

Robert Mugabe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Nk'umutegetsi wo mu myaka yo kwikukira ya 1970 na 80, benshi ntibari biteze ko yova ku butegetsi yanditse ikete gusa
Yatangajwe

Benshi bari biteze ko inzira yonyene yari gutuma Robert Mugabe ava ku butegetsi rwari kuba urupfu rusanzwe.

Na we nyene ashobora kuba ari ko yibaza.

Nk'umutegetsi ashaje afise ivyiyumviro vya politike vyo mu myaka yo kwikukira ya 1970 na 80, ntawari yiteze ko ava kubutegetsi yanditse gusa, nkeka bifise ico bisigura ku kungene isi yagiye irahinduka muri iki kinjana ca 21.

Ntawamukojejeko ukuboko, ntawashatse kumwica nk'uko bagize Col Kadafi, ntawashatse kumurasa nka prezida Ceausescu wa Roumania, kandi ntiyanyonzwe nka Sadam Hussein.

Uravye ibintu vyose Mugabe yakoze, nticabujije ko ubu Zimbabwe ari igihugu kiri mu mahoro n'umutekano.

Kandi n'aho hari ibintu vyinshi bibi yakoze, yabaye umuntu azi ubwenge gusumba umusuma ruhebwa.

Azokwibukwa ku bwicanyi bw'agahomerabunwa bwo mu myaka ya 1980, gutwara amatongo y'abazungu mu myaka ya 90, hamwe no guhohotera abatavuga rumwe na we bo mu mugambwe wa MDC igihe bagira batahukane itsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2008.

Umuntu biboneka ko azomukorera mu ngata, icegera c'umukuru w'igihugu Emmerson Mnangagwa, na we yaragize uruhara muri ubwo bugizi bwa nabi, ariko n'ubu abantu mu gihugu ca Zimbabwe- hamwe na handi hose kw'isi- baranezerejwe no kubona prezida Mugabe avuye ku butegetsi kugira bibagire ivyo vyose.

Bose baribagiye ibintu vyose vyiza Robert Mugabe yakoze.

Nk'akarorero, Zimbabwe ifise igitigiri kinini c'abantu baminuje kubera we.

Ariko nta muntu n'umwe azobimwibukirako.