Abatanga imfashanyo basubiye kwemererwa gukora muri Yemen

Ikivuko ca Hodeida kiri mu minwe y'inyeshamba nico gicako imfashanyo zirungikwa na Onu

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Ikivuko ca Hodeida kiri mu minwe y'inyeshamba nico gicako imfashanyo zirungikwa na Onu
Yatangajwe

Urunani rurongowe na Arabia Saudite mu kugwanya aba Houthi muri Yemen rwasubiye kwemerera abatanga imfashanyo gushikira ku kibuga c'indege gikuru hamwe n'ikivuko uyu musi.

Uruja n'uruza rwari rwahagaritswe mu ntango y'uku kwezi mu kwishura ku gitero ca misile cari cagizwe n'abagwanyi b'aba Houthi ku mugwa mukuru wa Arabia Saudite.

Ico gihugu cavuga ko ivyo bishobora kubuza ko igihugu ca Iran kibandanya giha ibirwanisho abagwanyi b'aba Houthi.

Ariko Onu iragabisha ko abantu ibihumbi amajana b'abanye Yemen bashobora kwicwa na kigoyi.

Ibidandazwa vyinjira biva hanze bizogenzurwa ariko imfashanyo izokwemererwa kwinjira ku kivuko ca Hodeida hamwe no ku kibuga c'indege co ku mugwa mukuru Sana'a.