Isura nshasha y'igisagara ca Bujumbura mu myaka 20

Isura nshasha y'igisagara ca Bujumbura mu myaka 20
Insiguro y'isanamu, Isura nshasha y'igisagara ca Bujumbura mu myaka 20
Yatangajwe

Igisagara ca Bujumbura kigiye kwagurwa kironke amashami abiri, rimwe rizoba riri i Gihanga mu ntara ya Bubanza, irindi mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura.

Ivyo ni bimwe muri biri mu ndinganizo y'ingene igisagara ca Bujumbura kigiye kuzotera imbere kuva ubu gushika mu 2045.

Yashizwe ahabona n'ubushikiranganji bujejwe ibisagara ku mugambi wafashijwe na PNUD ugashirwa mu ngiro na Singapore Corporation Entreprise na leta y'Uburundi.

Ubu mu gisagara ca Bujumbura haharugwa abantu barenga ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu (+850.000) ku birometero kwadarato 120.

Mu 2045 hitezwe ko mu gisagara ca Bujumbura cagutse hazoba habayo abantu barenga milioni zine (+4.000.000) kuri kirometero kwadarato zirenga 900.

I Gihanga hazoba cane cane hagenewe amahinguriro , ubudandaji n'uburimyi, mu Kabezi naho hazoba hagenewe ba mukerarugendo no kwinezereza.

Iyo ndinganizo nshasha ngo niyo gutunganya igisagara ku rugero mpuzamakungu rw'uko abahaba babaho neza , batarundanyeko kandi hubahirijwe ibidukikije.

Uburyo bwo kwiyunguruza biciye ku mabarabara manini manini, ibibanza vyo gusamiramwo akayaga canke vyo kwinonora imitsi vyose bizotezwa imbere.

Ahari hasanzwe ari mu gisagara hagati hazoba aho imirimo ya politike n'intwaro.

Isura nshasha y'igisagara ca Bujumbura mu myaka 20
Insiguro y'isanamu, Isura nshasha y'igisagara ca Bujumbura mu myaka 20

Ku buryo bwo kurangura iyo migambi, umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yatanguje uwo mugambi yavuze ko aravye ubutunzi kama bumaze iminsi butorwa mu butaka bw'Uburundi ata bwoba bwohaba bwo kuburonka.

Asaba abanyagisagara guhindura ingendo nko mu kudata umwanya, mu gushira inguvu hamwe kugira barangure imigambi iremereye, no gutunganya ivy'ubucafu neza no kwagura igisagara bakijana mu misozi aho kumara ikiyaya cimbuka kandi kirimwa umwanya wose.