Umwana w'imyaka 9 muri Amerika yishe mushiki wiwe mukuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yatangajwe
Igipolisi mu ntara ya Mississippi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko umwana w'umuhungu w'imyaka icenda yarashe mushiki wiwe w'imyaka 13 aramwica, bapfuye urukino.
Urwo rukino ni zimwe zizwi nka "video game" mu Congereza, bafata mu ntoke agakoresha bita "controller" ugakina nk'umupira w'amaguru canke gusiganwa n'imiduga ubiraba kuti television.
Polisi ivuga ko uwo muhungu yafashe inkoho nyuma yaho mushiki wiwe yankiye kumuha iyo "controller" kugira akine, ngo aca amurasa amuri inyuma.
Uwo mukobwa yahitanywe n'igikomere catewe n'urusasu, apfira mu bitara vy'i Memphis.
Ntibiramenyekana neza ingene uwo muhungu yaronse iyo nkoho canke ingaruka biza kumugirako.




