Amerika mu matohoza kubasumye urusaku mu myiyamamazo ya Trump

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushikiranganji bw'ubutungane muri Amerika buzogira amatohoza yo kumenya nimba abakozi ba FBI barasumye urusaku mu myiyamamazo ya Donald Trump yo mu 2016.
Muri Twett, Trump yavuze ko ashaka kumenya nimba uwo yasubiriye yaratanze uruhusha rwo gukora ivyo bintu.
Ivyo bivuzwe inyuma y'aho bimwe mu binyamakuru vyo muri Amerika bivugiye ko FBI yari ifise abantu yaguba abonana n'abari mu myiyamamazo ya Trump.
Icegera c'umushikirizamanza mukuru Rod Rosenstein yavuze ko ingingo zizofatwa mu gihe hoba harabaye ubwo busumyi bw'urusaku.
"Mu gihe hoba hari uwiyoberanije canke yacunze abari mu myiyamamazo ya prezida kubera inyifato itabereye, turakeneye kubimenya hanyuma hafatwe ingingo bijanye," ni ko Rosenstein yabishikirije mw'itangazo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hasanzwe hari amatohoza ariko arakorwa ku bintu bimwe bimwe bijanye n'ukwiyamamaza kwa Trump mu 2016 , kandi n'uko Uburusiya bwoba bwaragerageje kuyivangamwo.








