Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivyigwa vy'ikigo ca Amerika gishinzwe amagara y'abantu vyerekana ko ama 'ekra' ahindura ubwonko bw'abana.
Nk'uko biri mu cigwa cakozwe n'ikigo ca Amerika kijejwe amagara y'abantu (NIH), ubwonko bw'abana baguma umwanya muremure kuri 'ekra' burahinduka.
Mu bigo 21 bagiriramwo ubushakashatsi muri Amerika, NIH yatanguye yihweza ubwonko bw'abana 4.500 bafise hagati y'imyaka 9 na 10 kugira barabe ko ukuraba canke inkino zo kuri video n'umwanya bamara kuri interenete bitagira ingaruka ku kungene bakura.
Ivyigwa vyakozwe hisunzwe amasanamu uraba harimwo ijwi (IRM) vyagaragaje ubwa mbere ko hariho "uturongo tudasa" mu bwonko bw'abana bakoresha amatelefone ngendanwa agezweho (Smartphones) ama tabulete n'inkino za video amasaha arenze indwi ku musi, nk'uko bisigurwa n'uwurongoye abagize ivyo vyigwa Dr Gaya Dowling.
IRM yerekanye ko haba ukwonda k'uduce twihweza inkuru zirungitswe mu bwonko.
Ivyo bica bifatwa nk'ugusaza k'utwo duce nk'uko uwo muhinga abivuga, akanongerako ko atazi neza ko ivyo vyoba bitera ikibazo.
Dr Kara Bagot avuga ko amatelefone ngendanwa agezweho ashobora gutuma umuntu adashobora kumara n'akanya na gato ataravye kuri 'ekra' kuko bituma umuntu asohora icitwa 'dopamine' gituma umuntu anezerwa cane mu mubiri.
Kuri ico cirwa, NHI yakoreye ku bana 11.000 bose hamwe, bazokurikiranwa imyaka myinshi kugira bige ingaruka z'ama 'ekra' mu mu bwenge no mu mibano eka mbere no ku magara yabo.