Kubenguka uwo badahuje ubwoko vyamuviriyemwo gukumirwa n'abo mu muryango wiwe.

Insiguro y'amajwi, Kubenguka umutwa vyamuviriyemwo gukumirwa n'abo mu muryango wiwe, wari uzi ko bikibaho?
Yatangajwe

Umugabo akomoka mu muryango w'abahejejwe inyuma n'amateka kera bita Abatwa, yareheje umukobwa badahuje ubwoko biba ikibazo. Umuryango w'umukobwa waramuciriye umukenke, utangura no kumwanka.

Ivyo vyamubayeko, biba no ku bagabo b'abatwa baja gushaka abagore mu miryango y'abahutu n'abatutsi.

Umunyamakuru wa BBC Jean Claude Mwambutsa, yavuganye na bamwe mu bahuye n'ivyo bibazo, ariko ubu bavuga ko inyuma yo gukomera ku rukundo bihitiyemwo, imyiryango yabo basa b'abariko barasubiza hamwe.